Murakaza neza kuri Karanyuze.

Burundi Mutima Wa Afrika



Burundi Mutima Wa Afrika

Umuhanzi Ciza Sylvestre

Akira impundu ndaguhaye

Nayo ishimwe ngutuye amaboko

Rugori rwera katabonwa na bose

Cirore c’ubwiza ntangere

 

Abawe bakwise Burundi

Nanje nkwise Buramuko

Kirezi casaruwe neza

Bwirukiro bw’abo wibarutse

 

CHORUS:

Amakungu

Yose arata ubwiza wamanye

Imisozi ibiyaya n’ibiyaga bigutatse

Oooh Burundi, uri umutima w’Afrika

Nzogukunda gushika gupfa

 

2nd VERSE:

Rukundo rwakundiye abo bose

Bagize Imana bakakubamwo

Shurwe rimotera neza

Nzogukunda gushika gupfa

 

Ruhongore rw’Abarundi bose

Ntamajambo mfise yo guhaya

Kayeye kocika ntibunge

We ragi ry’abasokuru

 

CHORUS:

Amakungu

Yose arata ubwiza wamanye

Imisozi ibiyaya n’ibiyaga bigutatse

Oooh Burundi, uri umutima w’Afrika

Nzogukunda gushika gupfa


Featured Songs