Yitwa Tiro ry'inka yasa n'irirenga
Umuhanzi Prosper Burikukiye alias Bahaga
Hiyo iwacu iyo nakuriye
Habaye umwana yari intore
Yari umuyabaga yarezwe runtu
Yari akarorero murunganwe
Uyo mwana ni katihabwa
Yarakunda eka yarakunzwe
Yari umukirisu ntiyasiba misa
Niko yarezwe ntiyahemuka
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
Aho yankunda naje nkamukunda
Sije namujanye ihibambewe
Barayamaze ngo ‘Hayaga abangana.’
Abatware nibo bamuntwaye
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
Nzokwama nicara
Kuri kagasozi
Kumucamo
Hamwe yahora aca
Nzotega amaso
Y’uko yogaruka
Aze anzaniye wamutima
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga